N Irland: Gerry Adams yarekuwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Gerry Adams yarekuwe

Gerry Adams, yabajijwe ku birabana n'urupfu rwa Jean McConville, yishwe akuwe imuhira iwe n'abantu biyoberanije mu maso.

Ifatwa ry'umukuru w'umugambwe 'Sinn Fein' ryari ryavyuye amacakubiri, inyuma y'imyaka 17 habay'amasezerano y'amahoro.

Ayo masezerano yarangije imishamirano hagati y'abaporoti n'aba katolika muri Irlande y'uburaruko.