Batatu bahitanywe n'ibisasu muri Kenya

Image caption Imwe muri bus zafashwe n'igisasu

Ibigo vy'itangazamakuru vyo muri Kenya vyerekanye amasanamu ya bus itukura ifise igihengeri mu rubavu.

Hari n' iyindi y'urwatsi rubisi yari yavuyeko igisenge, yononekaye no ku ruhande, ahatewe ico gisasu.

Ku munsi wa gatandatu, abantu bane bahitanywe n'ibitero vy'ibisasu iMombasa.

Kenya yakomeje kwizizirwa n'ibitero birerwa abarwanyi ba Al Shabaab bo muri Somalia.