Leta ya Sudani y'epfo irakomoza Bentiu

Image caption Umuji wa Bentiu waciyemwo intambara

Ubu ngo barwanira umuji wa Bentiu mu gikorwa gikomeye co kurwanya abagararije leta catanguye uno munsi.

Ico gitero cagabwe ku barwanyi kije mu gihe perezida wa Sudani y'epfo, Salva Kiir, yari yaraye avuze ko yiteguye kuganira.

Bwana Kiir yabwiye umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze ubumwe za Amerika, ko yiteguye kuganira na Riek Machar.

Umunyamakuru wa BBC ariyo, yavuze ko yumvise urwamo rw'ibigwanisho muri Bentiu, bigaragaza ko abarwanya leta bakinana.

Abanyagihugu benshi barishwe igihe Bentiu yafatwa mu kwezi guheze.