Diop yakorewe ivanguramoko

Papakouly Diop
Image caption Papakouly Diop

Umunye Senegal, Papakouly Diop, avuga ko yagiriwe ivanguramoko n'abarorerezi b'umugwi Atletico wo muri Espagne

Diop akina mu mugwi Levante yavuze ko yatutswe ibitutsi bifatiye ku rukoba rwiwe n'abarorerezi ba Atletico Madiri mu rukino rw'igikombe La Liga ejo kuwa Mungu.

Yari ari mu kibanza batereramwo korneri, imbere y'ibihumbi vy'abarorerezi ba Atletico mu mpera z'urukino Levante yatsinze 2-0 i Valencia.

Diop avuga ko baciye batangura kuvuza akaruru nk'inguge mu kumutuka.

Amasanamu ya televiziyo yerekanye bamwe mu marorerezi bigana ibigirwa n'inguge, Diop nawe aca abasubiza mu kubavyinira imbere.

Gutukwa kwa Diop bifatiye ku rukoba, ntivyashizwe mu cegeranyo c'umuhagarikizi, ariko bije nyuma y'iminsi mike umukinyi wa Barcelona, Dani Alves, nawe atutswe n'abakora imvanguramoko.

Alves yatewe umuhwi n'abarorerezi ba Villarreal ari mu kibuga.

Amasanamu ya Alves, umukinyi wa Brezil, ariko aratora uwo muhwi agaca awurya yagaragaye kw'isi yose akaba kandi yarashigikiwe n'abantu benshi ba rurangiranwa.

Umupira w'amaguru muri Espagne n'i Buruya umaze igihe ubonekamwo ibintu vy'ivanguramoko rifatiye ku rukoba bigirwa n'abarorerezi, abajejwe urukino bakanengwa ko ataco bariko barakora ngo ivyo bihagarare.