Abahitanwa n'inda baragabanutse

OMS: Abagore bahitanwa n'inda baragabanutse kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption OMS: Abagore bahitanwa n'inda baragabanutse kw'isi

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y'abantu kw'isi, OMS, rivuga ko igitigiri c'abagore bahitanwa n'inda n'abana bapfa mu kuvuka cagabanutse 50 kw'ijana kuva mu 1990.

Ariko OMS ivuga ko abagore bashika mirongo itatu na batatu ku munota bagipfa, bahitanywe cane cane n'indwara zishobora kwirindwa canke izituma inda igorana nka diabete, sida, malaria hamwe n'ukuvyara bigoranye.

OMS kandi ivuga ko hakiri ubudasa bunini hagati y'ibihugu bikize n'ibikenye ku bijanye n'abagore bahitanwa n'inda, ngo bikerekana ko ibihugu bikenye bigomba kwongereza amahera mu gisata c'amagara.

Mu bihugu bikize nka leta zunze umwe za Amerika, biragaraga ko abagore bahitanwa n'inda biyongereye bivuye ku muvyibuho w'ikirenga, kuvyara mu myaka yisununuye hamwe n'ikoreshwa ry'imiti mu gusama inda.