Inzara yagarutse mu Kirundo

Ikibazo c'inzara casubiye kuvugwa mu Kirundo
Image caption Ikibazo c'inzara casubiye kuvugwa mu Kirundo

Intara ya Kirundo mu buraruko bw'u Burundi yasubiye kuvugwamwo ikibazo c'inzara, bamwe mu bahaba bakaba batanguye guhunga.

Uruzuba rwabaye rwinshi muri uno mwaka mu Kirundo, ku buryo ibitegwa vyari vyimirije kwimburwa ubu biriko biruma.

Abafise agatege baratanguye kwerekeza mu zindi ntara kurondera aho bisumamwo, hakaba mbere hari n'abamaze kujabuka urubibe.

Buramatari wa Kirundo, Reverien Nzigamasabo, yabariye BBC ko ibigega bari barategekanije vyo kuziganya umwimbu ngo bigaragara.

Abahababariye cane ni abashaje kuko bobo bitaborohera kuja kure, abajejwe intwaro ngo bakaba bariko bararaba ukuntu bobatabariza.

Inzara mu Kirundo si ubwa mbere ihaza

Intara ya Kirundo si ubwa mbere igaragayemwo ikibazo c'inzara, mu myaka yaheze hakaba mbere hari n'abahasize ubuzima, abandi bomekera mu gihugu c'u Rwanda.

Ingingo zo kuraba ingene inzara itogaruka mu Kirundo zarafashwe, ariko birigaragaza ko zidashemeye kuko inzara yasubiye kugaruka muri iyo ntara ahanini biturutse ku ruzuba.

Kirundo ni intara mu bisanzwe imera cane, ikaba yarigeze kuba ifatwa nk'ikigega c'u Burundi.

Abahinga bavuga yuko kuba yarahurumbiwe n'abantu benshi ku buryo butagenzuwe, vyatumye amashamba ahona, inzuzi zigakama kenshi, ariyo nyanduruko y'uruzuba.