Ubushinwa buranenga Viyetinamu

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyigaragamby yamagana Ubushinwa irakomeje muri Viyetinamu

Ubushinwa bwareze Viyetinamu ko yirengagije imyigaragambyo yamagana Ubushinwa.

Ubushinwa bubivuze nyuma y'aho abigaragambya babarirwa mu magana binjiye ku ngufu mu ruganda rw'ibyuma mu karere kari hagati mu gihugu, aho byibura umukozi 1 w'umushinwa yiciwe.

Viyetinamu, ku ruhande rwayo, yamaganye izo mvururu - ariko yavuze ko imyigaragambyo ikorwa mu mahoro yamagana ibikorwa by'Ubushinwa byo gucukura peteroli mu mazi ya South China Sea, ibyo bihugu bitumvikanaho, yemewe n'amategeko.

Abantu barenga 100 barakomeretse ubwo ikivunge cy'abantu binjiraga ku ngufu mu ruganda rw'ibyuma rwo muri Tayiwani rukoresha abakozi b'abashinwa.

Kugeza ubu irengero ry’abashinwa 10 ntiriramenyekana.

Hashize iminsi hakorwa imyigaragambyo yamagana Ubushinwa muri Viyetinamu.