Abategetsi baguye mu mpanuka y'indege i Laos

Ntibizwi nimba hari uwarokotse impanuka y'indege i Laos

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ntibizwi nimba hari uwarokotse impanuka y'indege i Laos

Indege y'igisirikare yari itwaye abategetsi bo hejuru mu gihugu ca Laos yagize isanganya.

Ibiro ntaramakuru vya Laos hamwe n'umushikiranganji wa Thailand ajejwe imigenderanire bavuze ko umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Douangchai Phicit, n'umugore wiwe bahasize ubuzima.

Abandi bagetsi bashika kuri batatu nabo nyene bivugwa ko bapfuye.

Iyo ndege yarimwo ingenzi zishika kuri mirongo ibiri hamwe n'abayikoramwo.

Ntibiramenyekana nimba hari uwoba yarokotse.

Iyo ndege yari ivuye ku murwa mukuru Vientiane, ica ikora isanganye iri ku birometero bibiri ngo ishike aho yari igiye mu ntara ya Xiang Khouang.