I Kidal muri Mali hasubiriye guhungabana

Aba Tuareg bashaka kwigenga mu buraruko bwa Mali Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Aba Tuareg bashaka kwigenga mu buraruko bwa Mali

Abakozi ba leta bashika mirongo itatu bafashwe n'aba Tuareg barwanira kwiyonkora mu muji wa Kidal mu buraruko bwa Mali.

Ibi vyakurikiye umubonano bagiranye n'umushikiranganji wa mbere wa Mali, Moussa Mara, yari mu rugendo rwiwe rwa mbere mu buraruko kuva aho ashikiriye amabanga mu kwezi guheze.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Mali, avuga ko bitazwi neza nimba abo bakozi ba leta bafashwe, bafungiwe mu biro vya buramatari canke ahandi.

Imirwano yagarutse mu buraruko

Umushikiranganji wa Mali ajejwe kwivuna abansi yavuze ko abasirikare umunani hamwe n'aba Tuareg mirongo ibiri baguye mu mirwano yabaye kuwa Gatandatu muri uwo miji.

Abasirikare b'Ubufaransa n'abanye Afrika bamaze igihe barwana intambara yo kwirukana mu buraruko bwa Mali abarwanyi ba ki Islam hamwe n'abashaka kwiyonkora.

Bigaruriye iyo ntara mu 2012 nyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi.