Gushonga ku rubura biteye impungenge

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urubura rwo muri Antarctic rurashonga vuba vuba

Icegeranyo gishasha ku kuntu urubura rupfukiriye ibahari Antartic rwifashe, kivuga ko urwo rubura ruza rurashongako amatoni imiriyaridi 160 buri mwaka.

Ingaruka zikaba ari ukwiyongera kw'amazi, bikabangamira abatuye ku nkengero z'inzuzi.

Umuvuduko urwo rubura rushongako, ukuvye 2 uwariho mu myaka 4 iheze.

Ikigo ca Buraya kigenzura ikirere cakoresheje ivyuma vya radar bijejwe kungenzura ingene urwo rubura ruza rurahindagurika.

Ubushakashatsi bwashizwe n'ikigo ca Amerika kije ikirere, NASA, bwerekana ko mu gihe urubura rwose rwa Antarctic rwoshonga, amabahari yo kw'isi yo kwiyongerako imetero 1.