Abashinwa bagirizwa ubusumyi bw'urusaku kuri internet

Image caption Amafoto y'abashinwa babagirizwa n'Amerika

Amerika yareze mu butungane abategetsi ba gisirikare 5 b'Ubushinwa bakora mu kigo c'igisirikare kiri i Shanghai.

Umushikirazamanza wa leta zunze umwe za Amerika, Eric Holder yamenyesheje ko abo bagabo bagirizwa ubusumyi bw'urusaku bakoresheje internet, bakinjira mu bubiko bw'ibanga bw'amashirahamwe yo muri Amerika.

Ni ubwa mbere Amerika ishinja abategetsi bo hanze, ivyaha vy'ubusumyi bw'urusaku mu vy'ubutunzi.

Abo Bashinwa bagirizwa kuvogera igiko ca Amerika kijejwe inguvu za nucleaire, amahinguriro y'ubutare bw'ivyuma hamwe n'ibikoresho bihingura inguvu z'izuba, bagaha amakuru baronse amashiramwe yo mu Bushinwa.