Abanyepolitike baraganira mu Burundi

Abanyepolitike b'Abarundi barihweza aho bigeze mu kwitegurira amatora yo mu 2015
Image caption Abanyepolitike b'Abarundi barihweza aho bigeze mu kwitegurira amatora yo mu 2015

Abanyepolitike n’abandi bose bakurikiranira hafi ivya politike mu Burundi bari mu nama yo kwihweza aho bagejeje gushira mu ngiro ivyo barasezeranye.

Bamaze umwaka basezeranye gukorera hamwe mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu 2015.

Leta y’u Burundi yemeza ko ibintu biri mu nzira nziza.

Ariko abatavuga rumwe nayo bo bavuga ko icuka ca politike gushika ubu ari kibi kandi gikeneye guhinduka kugira ayo matora azogende neza.

Kuva bumvikanye ku co bise urupapuro rw’inzira rwo mu Kayanza mu kwa gatatu mu mwaka uheze, bubaye ubwa kabiri abanyepolitike b’Abarundi bahura ngo barabe aho bageze kubishira mu ngiro.

Haracari agahaze

Mu nama imwe hatumiwemwo Concilia Nibigira nk’umukuru w’umugambwe Uprona yemewe n’ubushikiranganji bujejwe imigambwe, na Charles Nditije avuga ko ashigikiwe n’abadasigana nk’indongozi y’uwo mugambwe.

Hari kandi n'abatumire babiri b’abakeba mu migambwe FNL na UPD zigamibanga.

Uhereye aho gusa kimwe mu vyifuzo vya Kayanza ko imigambwe yosubiza hamwe ntikirashikwako, kandi ivyo bamwe bakavyegeka kuri leta.

Ariko kuva aho baheruka guhura mu kwa 11, ivyahindutse ni uko hemejwe itegeko rishasha rigenga amatora.

Ikibazo c’ugusubiramwo ibwirizwa nshingiro naco cararangiye kuva aho vyankiye ko ryemezwa n’inama nshingamateka mu kwezi kwa gatatu.

Uretse ivyo, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, avuga ko