Impungenge ku kugara kwa konte z'abanyesomaliya

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amadolari arungikwa muri Somaliya n'ababa hanze agera kuri miliyaridi

Oxfam na Adeso bagabishije ko ubuzima bw'ibihumbi vy'abantu muri Somaliya bubangamiwe n'imigambi yo kwugara konte mu ma banki.

Ngo ayo ma konte akoreshwa n'amashirahamwe ari muri Amerika, mu kurungika amahera muri Somaliya.

Imwe mu ma banki yari asigaye akirungika amahera y'Abanyesomaliya baba muri Amerika, yamenyesheje ko izohagarika ico gikorwa mu kwezi gutaha.

Mu mwaka uheze, Somaliya yaronse amahera imiriyaridi imwe n'imiriyoni amajana atatu z'amadollari arungitswe n'ababa hanze, akaba arenze imfashanyo yose ico gihugu kironka.

Abanyesomaliya batunzwe cane n'amahera arungikwa ava hanze, kuko ata banki zikora ziri muri ici gihugu.