Ukraine: Poroshenko yatsinze amatora

Petro Poroshenko Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Yatsinze amatora

Ibarura ry'amajwi mu gice cya mbere rirasa niryerekana ko Petro Poroshenko - umugabo ufite imari ibarirwa muma miliyaridi yakuye mu bucuruzi bwa chocolat - yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri Ukraine.

Ibyavuye mu matora byerekana ko bwana Poroshenko yabonye amajwi arenga mirongo itanu n'atanu kw'ijana (55%), kandi ko umukurikiye mu bo bahatana, Yulia Tymoshenko, yabonye hafi cumu n'atatu kw'ijana (13%).

Madamu Tymoshenko yavuze ko azemera ibizava mu matora.

Umunyemari Petro Poroshenko yari yavuze ko ariwe watsinze amatora y'umukuru w'igihugu, amatora indorerezi z'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu by'iburayi, zavuze ko yabaye neza.

Ibi bihaye inzira umukuru w'igihugu mushya gutangira ibiganiro n'imitwe y'abarwanya ubumwe bwa Ukraine bari mu burasirazuba bw'igihugu.

Bwana Poroshenko, wigeze kuba umushikiranganji w'imibano n'amahanga, yijeje ko azagarura amahoro n'ubumwe kandi ko yizera kuzahura n'abakuru b'Uburusiya vuba.

Moscow yavuze ko yiteguye kugirana ibiganiro na bwana Poroshenko ariko imugabisha ko atagerageza gukoresha imbaraga mu kurwanya abatavuga rumwe nawe bari mu burasirazuba bw'igihugu.

Hagati aho hari urufaya rw'amasasu n'imbunda nini byumvikanye ku kibuga cy'indege cy'i Donetsk, nyuma yaho abarwanya ubutegetsi bagabiyeyo igitero.