Malawi: Prezida Peter Mutharika yarahiye

Malawi
Image caption Abanyamalawi batora

Umukuru mushya wa Malawi Peter Mutharika yarahiriye amabanga ye nyuma yo gutinza igikorwa cyo gutangaza imyanzuro y'ibyavuye mu matora kubera ibirego byavugaga ko amajwi yibwe.

Bwana Mutharika yatsinze amatora yabaye mu cyumweru gishize n'amajwi 36 kw'ijana. Uwari ku butegetsi, Joyce Banda yaje ku mwanya wa 3.

Umutegarugore Banda yasabye abakunzi be kwemera ibyavuye mu matora. Urukiko rukuru rwanze ikirego cyasabaga kwongera kubara amajwi nyuma yaho Banda avugiye ko habaye uburiganya bukabije mu matora.

Peter Mutharika yari umushikiranganji w'ububanyi n'amahanga akanaba murumuna n'uwahoze ayobora Malawi, Bingu Wa Mutharika wapfuye mu mwaka w'i 2012.