Obama:Umugambi kw'ihindagurika ry'ikirere

Image caption Obama avuga ku mugambi wo kurinda ihindagurika ry'ikirere 020614

Muri uwo mugambi, Leta zunze Ubumwe za Amerika zizogabanya urugero rw'umwuka witwa "dioxyde de carbone" uturuka mu bibanza vy'amasoko y'umuyagankuba akoresha ibizuku.

Iyo mwuka ikazogabanywa ko ica gatatu mu myaka 16 iri imbere, bagereranije na urugero iyo myuka ya CO2 yari igezeko mu mwaka wa 2005.

Ama leta yo mur'ico gihugu azorekerwa ububasha bwo gufata ingingo y'uburyo bazoshika kuri iyo ntego, harimwo guhitamwo gukoresha umwuka wa gaz aho gukoresha ibizuku mur'ivyo bibanza bimburamwo umuyagankuba.

Abajejwe guharanira ibidukikije bavuga ko iyo ngingo yerekana ko Leta zunze Ubumwe za Amerika zifashe nka nkama ikibazo c'ukwiyongera kw'ubushuhe bw'ikirere.

Ariko abarwizatunga n'abo mu mugambwe w'aba "Republicains" bariyamiriza uwo mugambi.

Aho ni mu gihe abashakashatsi ku bijanye n'ihindagurika ry'ikirere bavuga ko hari vyinshi bigikenewe gukorwa.