DRC: Hatowe ibirwanisho muri Ngungu

Image caption Ingabo z'igisirikare ca Congo

Bulamatari w'intara ya Kivu ya ruguru Julien Paluku, avuga ko abungere aribo bafashije kugira ivyo birwanisho bigera kuri toni zitanu bimenyekane aho binyegejwe.

Ngo bavuze ko vyoba vyanyegejwe n'abahoze ar'abakuru mu mirwi ya CNDP na M23, barimwo Bosco Ntaganda na Innocent Zimurinda, igihe bitegurira gushiraho umurwi wateje intambara mur'ako gace.

Bulamatari Paluku, avuga ko amatohoza ya mbere yatanguye, kandi ko bagiye gukomeza kugirango bamenye abari kumwe n'abo bahoze ari abasirikare 2 badomweko urutoke.

Abazoramuka bagiriwe n'ico gikorwa bakazoheza bashengezwe imbere y'ubutungane.

Ivyo birwanisho ngo bimaze gushikanwa iGoma mu murwa mukuru w'intara ya Kivu ya ruguru, ku cicaro gikuru c'ikambi y'intara ya munani ya igirikare.

Naho ku kibazo co kumenya ico ubutegetsi buriko burakora kugira ngo niba hari ibindi birwanisho binyegeje bimenyekane, bulamatari Julien Paluku yabwiye BBC ko basavye abanyagihugu gutanga amakuru bafise kuri vyo kugira ntibongere guhura n'ingaruka z'intambara zirimwo guteshwa izabo.

Ngo yizeye kandi ko abanyagihugu bazofasha, na burya ngo batabanye neza n'imirwi yitwaje ibirwanisho muri kahise.