Ebola yahitanye abarenga 200 muri Guinee

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption MSF, imwe mu mashirahamwe yafshije kuvura abafise Ebola muri Guinee 03/06/14

OMS iravuga ko ico gihugu arico ca mbere kimaze kubabazwa n'ico kiza ca Ebola kurusha ahandi hose kimaze guca.

Mur'abo bamaze gupfa, ishirahamwe OMS rivuga ko 21 bapfuye hagati y'amatariki ya 29 z'ukwa gatanu n'itariki ya mbere y'ukwa gatandatu gusa.

Ahababaye kurusha ahandi ni mu bumanuko bwa Guinee, hafi y'urubibe na Sierra Leone, igihugu naco nyene catandukiriwe n'ico kiza ca Ebola.

Amashirahamwe y'ubuvuzi avuga ko icatumye uwo mugera wa Ebola wiyongera, ari uko abawurwaye banse kuja kwa muganga, ahubwo bakirukira ba rumenyi /abavuzi ba gakondo.