Burundi:P C Mbonimpa yamye muri sentare

Image caption Umukuru wa APRODH, P C mbonimpa, imbere ya sentare 23/05/2014

Pierre Claver Mbonimpa yariko asaba sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura ko yoburana yidegenvya.

N'aho ukwumvirizwa kwa Pierre Claver Mbonimpa kutabera mu ntahe y'icese, nticabujije kw'abantu batari bake baza kwifatanya na we, bambaye impuzu z'icatsi kibisi.

Abatazifise bari bambaye utumwanya, ivyatsi canke amababi y'ivyatsi bibisi, bamwe bayambaye nk'ikaravati abandi bayafise ku mifuko y'amashati canke bayatwaye mu ntoke.

Hari kandi abamenyeshamakuru n'abari mu mashirahamwe atandukanye adaharanira imvo za politike.

Pierre Claver Mbonimpa n'abamuburanira bamaze amasaha arenga atatu bariko barumvirizwa muri sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura, basaba ko yoza ararenguka imbere y'ubutungane ariko yidegemvya.

Bitegekanijwe ko iyo sentare imenyesha ingingo yafashe inyuma y'amasaha 48.

Umukuru w'ishirahamwe APRODH yahagarikiwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura, agira afate urugendo rwari ku mushikana mu gihugu ca Kenya, mu gihe yari amaze imisi yitaba ubutungane.

Aho yabazwa ku nkuru yari yatanze ko hari abasore b'abarundi bariko barigishwa igisirikare mu gihugu kibanyi ca Congo Kinshasa.

Yaba reta canke umugambwe uri ku butegetsi barahakanye bivuye inyuma izo nkuru.

Ubu Pierre Claver Mbonimpa akurikiranwa ku caha co kubangamira umutekano w'imbere n'inyuma y'igihugu.

Amashirahamwe ataho yegamiye muri politike, yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu, hamwe n'ibihugu bimwe bimwe bibicishije kubabiserukira, baguma basaba ko umukuru w'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu APRODH arekurwa ata kirinze gusabwa.