Congo irega Urwanda gukingira abahoze muri M23

Image caption Uwari umukuru wa M23 Beltrand Bisimwa, igihe yasinya amasezerano ya Nairobi 13/12/13

Francois Muamba ushinzwe amahoro n'umutekano muri leta ya Kinshasa yabwiye BBC ko inyuma y'amezi indwi intambara irangiye mu burasirazuba bwa Congo, leta ya Kigali igikwega ibirenge mu gikorwa co guharura abahoze ari abarwanyi bari mw'ikambi.

Leta ya Kigali yakomeje guhakana amakuru avuga ko ifasha abo barwanyi batanguye urugamba mu 2012.

Abanyamakuru bavuga ko hari impungenge z'uko Urwanda rushobora gushyigikira uwundi mutwe mushasha.