Afghanistan:Imyuzuri yahitanye abarenga 70

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ahatewe n'imyuzuri muri Baghlan, Afghanistan 07/06/2014

Iyo myuzuri yatewe n'imvura y'isegenya yo kuwa gatanu, yashitse mu birwati bine vy'akarere kari hagati mu gihugu mu ntara ya Baghlan.

Kajugujugu za gisirikare zarungitswe gutabara ntizorohewe kuronka ahari isi yumutse zokururukira.

Imvura yasambuye ibiraro, amabarabara, yica imirima n'ibitungwa vyinshi.

Igipolisi kivuga ko hatowe ibiziga 73 mu vyondo, ariko ngo hari n'abantu benshi bataramenyekana irengero.