Imigumuko mu muji wa Sao Paolo

Image caption Yegereyegere z'abashoferi muri Brezil zimaze iminsi, abantu bagatonda ari benshi ku bituro bikora

Hafi ica kabiri c'ibituro bategereramwo vyari vyugaye, nayo amabarabara menshi y'uwo muji munini kurusha iyindi yose muri Brezil yari yugaye.

Uwo muji wa Sao Paolo uri mu yizokwakira inkino z'igikombe c'isi zizotangura ku munsi wa kane.

Abakozi bo mu gisata co gutwara abantu basaba kongerwa ibice bitari munsi ya 10% ku mushahara.

Ibiganiro vyari vyatanguye ntaco vyashitseko, amashirahamwe y'abakozi akavuga ko iyo yegereyegere izomara igihe kitazwi.