Abasirikare b'Amerika baguye muri Afghanistani

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Imirwano irakomeje muri Afghanistani

Amakuru aturuka mu gisirikare cy'Amerika arahamya ko abasirikare 5 b'abanyamerika bishwe mu mpanuka n'abo mu ruhande rwabo.

Ubuyobozi bw’igisirikare cya leta zunze ubumwe z'Amerika, bwavuze ko bishoboka ko abo basirikare bishwe n’igitero cy'indege z'Amerika.

Abanyafughanistani 2 nabo bishwe.

Iyo mpanuka yabaye ejo kuwa mbere mu gikorwa cya gisirikare cyari gihuriwemo n'ingabo z'Afghanistani n'Amerika mu ntara ya Zabul, akarere karangwamo imvururu zikomeye.

Abategetsi b'Afghanistani bavuze ko ingabo z'Amerika zatabaje ibitero by’indege igihe bari bamaze kugabwaho igitero n'abatalibani.

Abasirikare b'umuryango wo gutabarana w’ibihugu by’Uburayi n’Amerika OTAN, barenga 30 bamaze kugwa mu mirwano yo muri Afghanistani uyu mwaka.

Ibindi kuri iyi nkuru