Inama ku burimyi mu Burundi

Uburimyi budateye imbere buri mu biteza inzara mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uburimyi budateye imbere buri mu biteza inzara mu Burundi

I Bujumbura hakoraniye inama y’imisi ibiri yo kurabira hamwe ingene uburimyi n’ubworozi vyotezwa imbere kugira hagwanywe ubukene bw’ibifungurwa mu Burundi.

Iyo nama yitabwe n’abajejwe uburimyi mu nzego zose z’igihugu gushika mu makomine, abarongoye intara hamwe n’abasanzwe bafasha mu migambi y’uburimyi n’ubworozi.

Uburundi buza mu kibanza ca nyuma mu karere ku kibazo c’ibifungurwa.

Abanyagihugu bashika ku bice 90 kw'ijana vy’Abarundi, batunzwe no kurima kandi ibice 50 kw’ijana vy’umwimbu w’igihugu muri rusangi uva muri ubwo burimyi nyene.

Ariko rero, ubwo burimyi bufise ingorane nyinshi zituma u Burundi buja mu bihugu 15 vya mbere vya Afrika bifise abanyagihugu bafungura nabi.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Odette Kayitesi, avuga ko izo ngorane zifatiye ahanini ku bukene bw’amatongo hamwe n’uburyo.

Akamaro k'abarimu b'indimo

Ibibazo bimwe bimwe muri ivyo ntibishobora gutorerwa inyishu hatari abarimu b’indimo bitanga kandi bagaha akarorero abandi.

Abo na bo, nk’abo ku rwego rwa komine baradebukiwe, bakavuga ko ata buryo baronswa bwo gukora, mbere ngo bakaba banaheruka agashahara kabo mu mpera z’umwaka uheze.

Umushikiranganji Odette Kayitesi avuga ko ikibazo cabo kizotora inyishu muri iyi nama.

Ikindi gituma umwimbu utongerekana, ngo n’uko abagwizatunga badakunze gushora umutahe mu burimyi.

Abantu barenga imilioni amajana icenda kw’isi yose nibo bafise ikibazo co gufungura nabi.

Nayo u Burundi bukaba buri mu gihugu 21 kw’isi yose bisangiye ico kibazo.