Abarwanyi b'Abasuni bafashe uwundi muji muri Irake

Imbohe zafashwe na ISIS Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imbohe zafashwe na ISIS

Abarwanyi b'Abasuni bafashe umuji wa Tal Afar uri mu buraruko bwa Irake, abahaba bakavuga ko wafashwe na ISIS kare mu gitondo nyuma y'imirwano ikomeye.

Abasirikare n'abapolisi bahunze bata ibirwanisho vyabo, ariko leta ya Irake ivuga ko intambara yo kwigarurira uwo muji ikibandanya.

Uwo muji utuwe n'abantu ibihumbi amajana abiri, bagizwe n'Abasuni hamwe n'Abashia.

Bamwe muba Shia baciye bahunga, batinya ko bohava batotezwa.

Umunyamakuru wa BBC ari i Baghdad avuga ko iyi mirwano iriko irafata intera yo gupfa ivy'amadini cane, mu gihe abakuru b'Abasuni mu buraruko bwa Irake bivugwa ko bashigikiye abo barwanyi.

Imigwi y'abarwanyi b'Abashia nayo iriko irasubira gutunganywa kugira ikingire umurwa mukuru, mu gihe Amerika yatanguye gutahukana abayiserukiye i Baghdad.

Ivyaha vyo mu ntambara

Hagati aho, umukuru w'umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, yavuze ko ubwicanyi bw'agahomerabunwa buriko buragirwa n'abarwanyi b'Abasuni mu buraruko bwa Irake, bufatwa nk'ivyaha vyo mu ntambara.

Navi Pillay avuga ko amakuru ariko araboneka yerekana ko amajana y'abantu atari abarwanyi bishwe ku mugaragaro.