Imyaka 100 iraheze intambara ya mbere y'isi ibaye

I Sarajevo baribuka imyaka ijana iheze intambara ya mbere y'isi itanguye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption I Sarajevo baribuka imyaka ijana iheze intambara ya mbere y'isi itanguye

Hariko haraba imihango yo kwibuka imyaka ijana iheze uwari kuzoba umwami w'abami wa Autriche na Hungaria yiciwe i Sarajevo.

Iyicwa ryiwe n'umusore w'umu Serbe yaharanira ukwikukira, niryo ryateje ivyahavuye bivamwo intambara ya mbere y'isi.

Abakomoka kuri Achduke Franz Ferdinand bitavye umuhango wo kwibuka abaguye mu ntambara, barorere n'ikarasisi y'abasirikare imbere y'ingoro y'umuryango hafi ya Vienne.

Ku murwa mukuru wa Bosnie, Sarajevo, harabera igiteramo c'umuziki kiremeshwa n'umugwi Vienna Philharmonic Orchestra.

Ariko izina rya Gavrilo Princip, uwishe uwo muhungu w'umwami, riracateje ukutavuga rumwe i Bosnie, abategetsi b'Abaserbe bakaba bateguye ibirori ukwabo.