Abasirikare ba Irake bananiwe gufata Tikrit

Igitero i Tikrit nticahiriye abasirikare ba Irake Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igitero i Tikrit nticahiriye abasirikare ba Irake

Amakuru ava muri Irake avuga ko abasirikare ba leta bariko baragerageza gusubirana umuji wa Tikrit, bahungiye i Dijla.

Bagiye muri uwo muji uri ku birometero mirongo ibiri na bitanu uja mu bumanuko, nyuma yaho igitero bari bagavye bakoreshje ibiduga vy'ingwano, cabaye impfagusa.

Hakurikijwe amakuru ava muri ako karere, imirwano ikomeye yaguyemwo abasirikare ku mpande zompi.

Bivugwa ko abasirikare ba leta bananiwe gushika hagati i Tikrit bitewe n'uko abarwanyi ba ISIS bari bashize ibisasu vyinshi ku mabarabara.

Hagati aho Irake yamaze kuronka indege z'ingwano za mbere z'ubwoko Sukhoi zivuye mu Burusiya.