Argentine yageze mu ca kabiri c'igikombe c'isi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abakinyi ba Argentine banezerewe babonye igitego

Argentine yihaye umwitangirwa kuva mu gice ca mbere c'urukino, igihe Gonzalo Higuain yatera avuye ku mpera z'izone.

Ubu Argentine izoca ihura mu gice ca kabiri n'Ubuhollande, bwatsinze Costa Rica kuri penaliti 4 kuri 3.

Mu rundi rukino rw'igice ca kabiri, Brezil izohura n'Ubudagi.