Umuvyeyi yishe abana biwe muri Afrika y'epfo

Tania Clarence yemera ko yishe abana biwe atabishaka Uwufise ububasha kw’isanamu NA
Image caption Tania Clarence yemera ko yishe abana biwe atabishaka

Umugore wo muri Afrika y'epfo yemeye ko yishe abana biwe batatu bari bafise ubumuga.

Muri Sentare, Tania Clarence aba muri South London, yahakanye icaha co kwica ariko yemera ico kwica utabiteguye kubera gufata ibintu minenerwe.

Mu kwezi kwa kane abo bana, basanzwe barwaye ubumuga butuma inyama z'umubiri wabo zidakura, babasanze bapfiriye muhira.

Clarence yaciye apfungirwa mu bitaro vy'abafise uburwayi bwo mu mutwe.

Urubanza rwiwe ruzobandanya mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uza.