Ubwongereza bushaka gutera iteka Gandhi

Ikibanza ca Parliament Square i London gihabwa icubahiro co hejuru
Image caption Ikibanza ca Parliament Square i London gihabwa icubahiro co hejuru

Leta y'Ubwongereza yamenyesheje ko igiye gushira igishusho ca Mahatma Gandhi mu kibanza ca Parliament Square mu muji wa London.

Ico gishusho kizoba kibumve mu butare bw'umujumbu, kizokwerekanwa mu mwaka uza.

Ivyo vyatangarijwe ku murwa mukuru w'Ubuhinde, Delhi, n'abashikiranganji b'Ubwongereza bari mu rugendo rwereke guteza imbere urudandaza.

Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe ubutunzi, George Osborne, yavuze ko bikwiye ko se w'igihugu ca mbere kinini kw'isi kirangwamwo demokrasi, ashirwa imbere ya nyina w'amana nshingamateka yose yo kw'isi.

Ikibanza ca Parliament Square kirimwo ibishusho vyinshi vy'abarongozi b'Abongereza hamwe n'abanyamahanga, harimwo Winston Churchill na Nelson Mandela.

Mahatma Gandhi, afatwa nk'intwari ikomeye mu Buhindi no kw'isi, kuko yashikanye ico gihugu ku ntahe yo kwikukira arwanije Abongereza mu buryo budakoresha inguvu.

Umunyamakuru wa BBC araba ibijanye n'ubutunzi, avuga ko Ubwongereza bushaka gukomeza ubucuti n'igihugu kigira kabiri kw'isi mu kugira abanyagihugu benshi, cane cane hagamijwe inyungu mu vy'ubutunzi.