Itohoza ku ndege ya Habyarimana ryaraheze

Hasigaye kumenya nimba hazoba canke ntihabe urubanza ku barashe indege ya Juvenal Habyarimana Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Hasigaye kumenya nimba hazoba canke ntihabe urubanza ku barashe indege ya Juvenal Habyarimana

Abacamanza b'Abafaransa b'abahinga mw'itohoza ku vyaha vy'iterabwoba, bari bashinzwe gukora iperereza kw'iraswa ry'indege y'uwari umukuru w' igihugu w'u Rwanda, Juvenal Habyarimana, barangije itohoza ryabo.

Abacamanza Marc Trevidic na Natalie Poux, bashikirije icegeranyo cabo ubushikirizamanza, bukazofata ingingo nimba sentare y'intango yotanguza urubanza canke ntirube.

Ariko buzobanza guha akaryo impande zompi zirabwa n'iyi dossier, ngo zigire ico zivuga kuri ico cegeranyo.

Ivy'uko hazoba urubanza canke ntirube, bizomenyekana mu mezi atatu.