Eugene de Kock yankiwe kurekurwa muri Afrika y'epfo

Eugene de Kock mu 1998. Yari yarataziriwe "Umubi ruhasha" Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Eugene de Kock mu 1998. Yari yarataziriwe "Umubi ruhasha"

Umukuru w'umugwi wahasha abigaragamvya mu gihe c'intwaro ivangura ya Apartheid muri Afrika y'epfo, Eugene de Kock, yankiwe kurekurwa nyuma y'imyaka 25 apfunzwe.

De Kock yari yarataziriwe "Prime Evil" canke "umubi ruhasha", kubera ukuntu yakubagura akanica abirabura baharanira ubwigenge bwabo mu myaka y'1980 na 90.

Ivyo yabikora mu kugerageza kurwana ku butegetsi bw'abazungu.

Umushikiranganji wa Afrika y'epfo ajejwe ubutungane, Michael Masutha, yavuze ko kurekurwa vy'ikigongwe kw'uyu mugabo hataragera ngo kuko imiryango y'abo yahohoteye itabajijwe neza.

Ariko yemeje ko de Kock yateye intambwe mu kugororwa kwiwe aho apfungiwe.