Suarez agiye muri Barca

Luis Suarez ngo avuye muri Liverpoor n'umutima uremereye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Luis Suarez ngo avuye muri Liverpoor n'umutima uremereye

Umukinyi w'igihangange w'umunye Uruguay, Luis Suarez, ubu ari mu gihano c'amezi ane adakina kubera kuryana amenyo, yahinduye umugwi.

Umugwi wa Liverpool wemeje ko wagurishije Suarez kuri Barcelona ku mahera ashika hafi imiriyoni 128 z'ama dollar.

Suarez yavuze ko avuye muri Liverpool n'umutima uremereye ngo kandi azoguma ashigikiye uwo mugwi, ngo ariko gukina muri Espagne yamye ari indoto yiwe.

Suarez yari amaze imyaka itatu muri Liverpool kandi yakundwa n'abafana benshi b'uwo mugwi naho hanze y'ikibuga vyamugora kandi agahagarikwa gukina kenshi.