John Kerry muri Afghanistani

Abdullah Abdullah avuga ko amatora yaranzwe n'uburiganya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abdullah Abdullah avuga ko amatora yaranzwe n'uburiganya

Uyu ni umunsi wa kabiri, ministri w'ububanyi n'amahanga wa Leta zunze ubumwe z'Amerika, John Kerry, agerageza kumvikanisha impande zitumvikana ku matora y'umukuru w'igihugu aherutse kuba muri Afghanistani.

John Kerry arateganya guhura n'abagabo babiri bahataniye uwo mwanya, aribo Ashraf Ghani na Abdullah Abdullah.

Umwe mu bategetsi bo hejuru muri Amerika yatangaje ko kugeza ubungubu ibyo biganiro byibanze ku bibazo bibiri: gusuzuma ibirego by'abavuga ko ayo matora yaranzwe n'uburiganya no gukangurira impande zombi kugirana ibiganiro bya politiki.

Uwo mutegetsi yongeyeho ko ikigamijwe ari ukugirango leta nshya ya Afghanistani abantu benshi bazabe bayiyumvamo.