Iraq: Umukuru w'inteko mushya, Salim Jabouri

Salim Jabouri Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Salim Jabouri

Inteko ishinga amategeko muri Iraq yatoye umukuru wayo mushya, iki kikaba ari ikimenyetso cya mbere kiganisha kwirangizwa ry'amakimbirane ari muri politike yatumye leta ihangana n'impirimbanyi z'abaSunni.

Umukuru w'inteko mushya, Salim Jabouri yahagarariye abaSunni muri ayo matora.

Iyi nteko kandi igomba no gutora umukuru w'igihugu mushya w'umuKurde, n'umushikiranganji wa mbere w'umuShia, uyu mushikiranganji wa mbere mushya akaba ariwe uteye ikibazo kuko uriho Nouri al-Maliki yavuze ko atazegura nubwo akomeje kwotswa igitutu mu gihugu no mu mahanga.

Kare, umushikiranganji w'imibano n'amahanga w'akarere gasa n'akigenga k'abaKurde, Falah Mustafa Bakir, yavuze ko Iraq yananiwe kuba igihugu.