Ukraine: Indege yaritwaye abantu 300 yaguye

Indege ya Malaysia Airlines Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Indege ya Malaysia Airlines

Abategetsi bo muri Ukraine bavuze ko indege yaritwaye abagenzi bagera kuri 300 yahanuwe igeze mu gace ko mu burasirazuba aho ingabo za leta ya Ukraine zirwana n'impirimbanyi zishyigikiye Uburusiya.

Abategetsi ba Ukraine bavuze ko abantu bose bagera kuri 295 bari muri iyo ndege ya Malaysia Airlines yarivuye Amsterdam igiye Kuala Lumpur bapfuye kandi ko imirambo myinshi yabonetse.

Umukuru wa Ukraine Petro Poroshenko yavuze ko icyo ari igikorwa cy'iterabwoba, asaba ko hakorwa iperereza mpuzamahanga.

Hari indi ndege y'igisirikare ya Ukraine yari yarashwe igeze mu karere k'uburasirazuba bwa Ukraine aho yari igiye mu butumwa.

Ubutegetsi bwa Ukraine bwari bwavuze kare ko iyo ndege yarashwe n'igisisu cya misile cyo mu Burusiya ariko umudereva agashobora kuyigeza hasi adakomeretse.

Hagati aho umukuru w'igihugu w'Uburusiya, Vladmir Putin, yagabishije ko ibihano bishya byafashwe na Amerika ejo, bije kubangamira imigenderanire hagati y'ibyo bihugu.

Rimwe mu mashyirahamwe yo mu Burusiya abujijwe kwaka ideni ry'igihe kire kire ku mashyirahamwe ya Amerika ni Roseneft, rikaba ari ishyirahamwe rikomeye ricuruza ibitoro rya leta y'Uburusiya.

Uburusiya bwahakanye amakuru avuga ko indege ya gisirikare ya Ukraine yarashwe n'Uburusiya igihe yarigiye mu butumwa ku butaka bwa Ukraine.

Ubushikiranganji bw'imibano n'amahanga bw'Uburusiya bwavuze ko ibyo birego bya leta ya Ukraine bidasobanutse.