Imivyimba 19 y'abanye Afrika yatowe hafi y'Ubutariyano

Abajejwe gutabara mu Butariyano bamaze igihe bakiza abimukira benshi mu ruzi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abajejwe gutabara mu Butariyano bamaze igihe bakiza abimukira benshi mu ruzi

Amakuru ava mu Butariyano avuga ko abajejwe gutabara basanze imivyimba 19 y'abanye Afrika mu bwato bwari butwaye amajana y'abimukira bavuye mu buraruko bwa Afrika.

Ibiro bitara amakuru vy'Ubutariyano, ANSA, bivuga ko abo bapfuye bisa nk'uko bazize imyotsi y'imoteri ishaje y'ubwo bwato, kuko bari mu cumba co munsi.

Babiri mu bimukira bari mw'ubwo bwato batwawe kwa muganga na kajugujugu.

Mu kwezi guheze, abantu barenga mirongo ine batowe ibiziga bapfuye mu buryo nk'ubwo.