Israel yishe umurwanyi yaciye mu muhora wo mu kuzimu

Israel ubu ifise abasirikare muri Gaza barwanira ku butaka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Israel ubu ifise abasirikare muri Gaza barwanira ku butaka

Igisirikare ca Israel kivuga ko cishe umurwanyi w'umunye Palestine yinjiye Israel aciye mu muhora uva i Gaza.

Igisirikare kivuga ko yari mu bandi barwanyi benshi bariko barategura igitero gikomeye mu muhana w'abanye Israel uri hafi.

Ngo abo barwanyi bari bafise inkoho zirasa zungikanya, banarasa igisasu ca misile gisambura ibiduga vy'ingwano.

Igisirikare ca Israel kivuga ko abasirikare bari mw'irondo bapfubije ico gitero, abo barwanyi baca basubira muri Gaza.

Abasirikare babiri ba Israle bahakomerekeye.

Ibi bibaye mu gihe abandi banye Palestine barenga mirongo ibiri bishwe n'ibitero vya Israel muri Gaza, abamaze kuhagwa ubu bakaba barenga amajana atatu.

Abajejwe intwaro muri Palestine bavuga ko umuryango w'abantu umunani, harimwo abana bane, wishwe mu buraruko bwa Gaza.