Igisasu cahitanye 15 muri Gaza

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwana w'Umunyapalestina yakomerekeye mu gitero kw'ishure rya ONU, ariko aravurwa.

Abanyapalestina baharurwa mu majana bari muri izo nyubakwa za ONU mu gace ka Beit Hanoun.

Iyi ibaye incuro ya kane mu kiringo z'iminsi 16, inyubakwa za ONU ziterwa ibisasu na Israel, bitota abarwanyi b'umuhari Hamas.

Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ko ryarengewe n'igitigiri c'Abanyapalestina bagana inyubakwa zaryo barondera ubuhungiro.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, yari yavuze kare ko ababajwe n'urupfu rw'abanyagihugu b'Abanyapalestina, ariko ko vyose vyavuye kuri Hamas.