Libya: Amerika yakuye abakozi bayo i Tripoli

Imirwano i Tripoli
Image caption Imirwano i Tripoli

Amerika yahungishije abakozi bayo bose bakora mu biro bihagarariye Amerika muri Libya. Yabajyanye muri Tunisia. Batwawe mu mamodoka aherekejwe n'indege z'Amerika zari ziyarinze.

Ibiro by'ubushikiranganji bw'imibano n'amahanga bya Amerika kandi byasabye umunyamerika wese kuva muri Libya.

Ibiro bihagarariye Amerika i Tripoli, biri ahantu hasinzikajwe n'imirwano y'impirimbanyi zirwanira kwigarurira agace kari hafi y'ikibuga cy'iindege.

Imirwano iba hagati y'igisirikare cya leta ya Libya n'impirimbanyi imaze guhitana abantu bagera kuri 30 i Benghazi.

Umushikiranganji w'imibano n'amahanga w'Amerika, John Kerry, yavuze ko abo bakoze bari bugarijwe n'umutekano muke ariko ko babaye bahagaritse ibikorwa by'ibiro byabo gusa.

Mu myaka ibiri ishize, uwaruhagarariye Amerika muri Libya yiciwe mu mujyi wa Benghazi n'impirimbanyi z'abayisilamu.