Iraq: Ubufaransa bwemeye gutanga ubuhunzi

Abakristu bo muri Iraq Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abakristu bo muri Iraq

Leta y'Ubufaransa yavuze ko yiteguye guha ubuhungiro abakristu bo muri Iraq bahohoterwa n'umutwe w'abayisilamu, Islamic State.

Abashikiranganji b'imibano n'amahanga n'ubutegetsi bw'igihugu bo mu Bufaransa bavuze ko biteguye guha imfashanyo abo banyairaki bakuwe mu twabo kandi ko bazorohereza guha ubuhunzi abashaka kuza mu Bufaransa.

Abanyairaki b'abakristu bagera ku bihumbi bahunze bava mu mujyi wa Mosul uri mu majyaruguru, nyuma yaho umutwe wa Islamic State warusanzwe uzwi kw'izina rya ISIS, ubategekeye guhinduka abayisilamu, bakariha amaturo y'idini, bitaba ibyo bakicwa.