UK: Ebola ni ikibazo k'Ubwongereza

Ebola Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ebola

Umushikiranganji w'imibano n'amahanga w'Ubwongereza, Philip Hammond yavuze ko leta y'Ubwongereza ibona icyorezo cya Ebola kiri mu burengerazuba bw'Afrika, nk'ikibazo gikomeye k'Ubwongereza.

Bwana Hammond yakoresheje inama idasanzwe kuri icyo kibazo. Umuryango w'ubumwe bw'ibihugu by'uburayi wongereje amadolari agera kuri miliyoni 2 n'ibihumbi 700 yo gufasha mu kurwanya icyorezo cya Ebola.

Abategetsi bo muri Hong Kong bashizeho ahantu bazajya bashyira abantu baketsweho Ebola, banamenyesha abaturage uko bagomba kurwanya ikwirakwizwa ry'icyo cyorezo.

Abantu barenga 670 bamaze guhitanwa na Ebola muri Sierra Leone, Liberia, Guinea na Nigeria kuva aho yadukiye mu kwezi kwa 2.