Uruganda rwa Kunshan mu Bushinwa rwahiye

Uwufise ububasha kw’isanamu n
Image caption Uruganda rwa Kunshan rwahiye

Ikigo c'itangazamakuru ca Leta kimenyesha ko uruhande ruhingura ivyuma muri urwo ruganda arirwo rwaturitse.

Urwo ruganda ruhingura ibice vy'imodokari vy'izindi nganda zo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika nka General Motors.

Amasanamu yashizwe ku mbuga za internet yerekana imyotsi yirabura iduga iva muri urwo ruganda, n'abakozi bafise ubushe bukomeye bari ku nderuzo z'ibibaho.

Abategetsi bavuga ko uko guturika koba kwatewe n'utuvunguka tw'ivyuma twahuye n'ubushuhe bukomeye cane, canke urubeya.

Batanu mu bakoresha bakuru baho bivurwa ko batawe muri yompi