Abaserukira ibihugu batanguye kuva Tripoli

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Aba n'abakuwe Tripoli kuwa gatanu kare, n' ubwato bw'Ubugiriki batanga ibitabo vyabo vy'inzira

Kuva mu ndwi zibiri ziheze, izo ntambara zimaze guhitana abantu barenga 200.

Ubwato bw'Ubwongereza buri mu nzira bwerekeza Tripoli kuvanayo abanyagihugu b'Ubwongereza, Ubudage na Irland, babujijwe inzira n'iyo ntambara.

Bazojanwa kw'izinga rya Malta.

Mur'iyi minsi ibiri y'impera z'indwi, abantu barenga 20 baguye mu ntambara hagati y'imirwi ibiri mikeba, irwanira kugenzura ikibuga c'indege.

Hari intambara zikomeye kandi no mu muji wa Benghazi mu buseruko bw'igihugu.