Imihango yo kwibuka intambara ya mbere y'isi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Hamwe mu matongo yashinguwemwo abarwanye intambara ya mbere y'isi

Abakuru b'ibiguhu b'Ubufaransa n'Ubudagi bari bitavye ibirori vyabereye Hartmannswiller, hafi y'urubibe n'Ubudagi.

Abasirikare baharurwa mu 30.000 baguye mu ntambara zabereye ku musozi uhanamiye ikiyaya ca Rhine.

Ejo aho bukera hazoba ibindi birori mu Bubiligi, aho umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron, azoba ari.

Umunsi w'ejo uzoba uwo kwibuka igihe Ubudage bwiyemeza gutera Ububurigi kuwa 04/08/1914, bigatuma Ubwongereza bwinjira muri iyo ntambara.