Uwavuye umurwayi wa Ebola nawe yafashwe

Ebola iri mu burengero bwa Afrika, niyo ikaze imaze kuboneka
Image caption Ebola iri mu burengero bwa Afrika, niyo ikaze imaze kuboneka

Leta ya Nigeria ivuga ko umuganga yavuye umurwayi wa Ebola wo muri Liberia, nawe yanduye iyo ndwara.

Abaye umurwayi wa Ebola agira kabiri amaze kugaragara muri Nigeria, igihugu gituwe kurusha ibindi vyose muri Afrika.

Uwo munye Liberia yaremvye ari mu ndege aja muri Nigeria, aca ajanwa kwa muganga i Lagos agishika, akaba ari ho yacikaniye.

Umushikiranganji wa Nigeria ajejwe amagara avuga ko abandi bantu mirongo indwi bashitse hafi y'uwo murwayi bashizwe mu mwiherero wabonyene.

Iki kiza ca Ebola mu burengero bwa Afrika, nico gikaze kimaze kuboneka, kikaba kimaze guhitana abantu barenga amajana umunani muri Liberia, Sierra Leone na Guinea.