I Bujumbura na Bururi abarenga 100 banduye cholera

Kunywa amazi mabi biri mu bitera indwara ya cholera Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Kunywa amazi mabi biri mu bitera indwara ya cholera

Mu Burundi abantu barenga 100 baramaze kumenyekana ko banduye indwara ya cholera.

Abenshi muri abo bamaze kwandura iyo ndwara bavugwa mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Bururi mu bumanuko bw'u Burundi.

Mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu bavuga ko iyo cholera yatewe ahanini n'isuku rike hamwe n'ibura ry'amazi meza, ariko ko bariko bakora ibishoboka kugira bayituze.

Ibitaro Prince Regent Charles nivyo vyakira abafashwe na cholera bavuye mu mihingo itandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura.

Mu nyubakwa abo bagwayi ba cholera bagwariyemwo, nta numwe yemerewe kuhegera kiretse abaganga n'ababarwaje gusa.

Kuva kuri iyo nyubakwa gushika nko ku metero 10, hazibiwe n'ihema ku buryo n'abaje kubasuhuza badashobora kuharenga.

Bamwe mu bagwaza bavuga ko bitoroshe kugwaza bene abo barwayi.

Isuku rike riri mu bituma

Mu Rumonge mu ntara ya Bururi mu bumanuko bw'igihugu, abantu 89 nibo bamaze kwandura iyo ndwara, 19 akaba ari bo barwariye mu bitaro.

Kubwa Pamphile Bukuru ari mu mugwi ujejwe kuraba indwara ziyadukije mu bushikirangaji bw'amagara y'abantu, ngo "isuku rike riri mu bituma nyamukuru cholera yaduka muri vyo bice vyose."

Buri mwaka indwara ya cholera iraduka, naho ingingo zijanye n'isuku zama zafashwe.

Ariko imvugo ntijane n'ingiro na cane cane mu mazu y'uburiro ari hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura no mu bindi bisagara vyo mu gihugu hagati, aho usanga isuku ridashemeye.

Hamwe hamwe mbere usanga ata n'ubuzu bwa surwumwe bafise.