Israel yakuye abasirikare i Gaza

I Gaza ubu hari agahengwe nyuma y'ihagarikwa ry'imirwano Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption I Gaza ubu hari agahengwe nyuma y'ihagarikwa ry'imirwano

Israel ivuga ko abasirikare bayo bose bavuye i Gaza, mu gihe ihagarikwa ry'imirwano iminsi itatu na Hamas yo muri Palestine, ryatanguye.

Umuvugizi w'isigirikare ca Israel yavuze ko ikintu nyamukuru cari kigamijwe, kwari ugusambura imihora yo mu kuzimu iva i Gaza, ngo ico naco carashobotse.

Uwo mwumvikano wo guhagarika imirwano wazanywe na Misiri, ico gihugu kikaba cizera ko uzokurikirwa n'ibiganiro vyo guhagarika imirwano rwose.

Vyitezwe ko Israel irungika intumwa mu biganiro i Cairo, mu gihe abaserukiye Palestine bobo bamaze gushikayo.

Hasigaye iminota mike ngo ihagarikwa ry'imirwano ritangure, abarwanyi ba Hamas barashe ibisasu vya rokete vyinshi mu bumanuko bwa Israel.

Abasirikare ba Israel nabo bagavye ibitero muri Gaza.