Umuganga yishwe na Ebola muri Nigeria

Ebola iramaze kwigaragaza muri Nigeria Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ebola iramaze kwigaragaza muri Nigeria

Ubushikiranganji bujejwe amagara muri Nigeria buvuga ko umuforomakazi yahitanywe na Ebola, yandujwe n'umuntu yariko aravura wo muru Liberia.

Uwo muntu yari afise amamuko yo muri Liberia na Amerika, akaba yarapfuye mu kwezi guheze.

Abandi bantu batanu muri Nigeria, biramaze kwemezwa ko banduye Ebola.

Bariko baravurirwa ahantu habonyene mu muji wa Lagos, usanzwe ariwo munini kurusha iyindi yose iri mu bumanuko bw'ubugaragwa bwa Sahara.

Hagati aho ubushikiranganji bujejwe amagara muri Arabie Saudite buvuga ko umugabo vyibazwa ko yanduye Ebola aho yari mu rugendo muri Sierra Leone, yacikaniye i Jeddah.

Umushakashatsi yavumbuye indwara ya Ebola ku nshuro ya mbere, Professeur Peter Piot, yavuze ko imiti iriko irageragezwa yari ikwiye guhabwa abanduye mu burengero bwa Afrika.

Muri ako karere, abantu bashika hafi amajana icenda baramaze guhitanwa na Ebola.