Ebola ubu ni ikiza mpuzamakungu

OMS ibuza ingendo z'abanduye Ebola n'abashitse hafi yabo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption OMS ibuza ingendo z'abanduye Ebola n'abashitse hafi yabo

Ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, ryamenyesheje ko ikiza ca Ebola kiri mu burengero bwa Afrika ari ikibazo mpuzamakungu.

OMS yaciye itangaza ingingo zafashwe zirimwo kubuza gufata ingendo abantu banduye hamwe n'ababageze hafi.

Iryo shirahamwe kandi ryasavye ko hongerezwa ibikorwa vy'ubuvuzi bibera mu bice birangwamwo Egola.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Margaret Chan, yavuze ko amakungu agomba gukorera hamwe kuko ibihugu bigeramiwe bidafise uburyo bwo kwishoboza iki kibazo.

Abantu bashika hafi igihumbi nibo bamaze guhitanwa na Ebola muri Guinea, Liberia, Sierra Leone na Nigeria.